Uko wahagera

USA: Barizeza ko Hazokwisungwa Ubushakashatsi mu Gusohora Urucanco rwa COVID-19


Abakuru icenda b’amakompanyi ariko arahiganirwa gusohora urucanco rwa COVID-19 bavuze kuri uyu wa kabiri ko batazorondera ko reta yemeza ko hageze gusohora urucanco imbere yuko igeragezwa ryarwo mu gice ca gatatu riba kandi rikerekana ko ata ngaruka.

Ibi babivuze mu gihe Perezida Donald Trump yavuze ko urwo rucanco rushobora gutangazwa ko rugeze gukoreshwa imbere y’amatora yo kw’italiki 3 mu kwezi kwa cumi na kumwe.

Abo bakuru b’ayo makompanyi bavuze ko iri tangazo basohoye rituma abanyagihugu babizera yuko isohorwa ryarwo rizokwisunga ibishikirizwa n’abashakashatsi.

Bemeye ko bazoshira imbere y’ibindi vyose ko urwo rucanco ata ngaruka ruzotera ku magara y'abanyagihugu.

Mu kiganiro n’abanyamakuru ku musi wa mbere, Perezida Trump yavuze ko kwemeza urucanco bishobora kuzoba imbere y’itariki idasanzwe atavuze.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu ndwi umunani ziri imbere, igihe umurepublikani Trump azohiganwa n’umudemokrate Joe Biden, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu.

Biden yagirije Trump ko ariko avyifatamwo nabi muri iki gihe co kurwanya ikiza ca Corona, kimaze kwica abanyamerika barenga 189 000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG