Uko wahagera

Umugambwe wa Ouattara Uzomwemeza Kuba Kandida mu Matora


Perezida wa Cote d'Ivuware Alassane Ouattara
Perezida wa Cote d'Ivuware Alassane Ouattara

Umugambwe uri ku butegetsi muri Cote d’Ivuware watangaje ko ku musi wa gatandatu uzokwemeza Perezida Alassane Ouattara, ko ari we mukandida azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi.

Ingingo y’ukwitoza kwa Ouatarra muri manda ya gatatu yarateye imyiyerekano y’amasinzi y’abantu.

Perezida yari yarahevye kwongera kwitoza, ariko yongeye kwisubirako inyuma y’aho uwo yari yahisemwo kuzomusubirira, umushikiranganji wa mbere Amadou Gon Coulibaly, ahitaniwe n’indwara y’umutima mu kwezi guheze.

Ibwirizwa shingiro rya Cote d’Ivuware ryemera ibiringo bibiri ku butegetsi, ariko Ouattara w’imyaka 78, amaze gutwara ibiringo bibiri yasabwe n’abayoboke biwe kwiyongera.

Abanyepolitike b’igihagararo baramaze kumenyekana ko bazohiganwa nawe muri ayo matora yo kuwa 31 z’ukwezi kw’icumi. Abo ni Henri Konan Bedie yigeze kuba perezida wa Cote d;Ivuware, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Pascal Affi N'Guessan, uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire Marcel Amon-Tanoh hamwe n’uwahoze ari umushikiranganji w’indero, Albert Toikeusse Mabri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG