Uko wahagera

Perezida Alassane Ouattara Azokwitoreza Manda ya Gatatu


Perezida Alassane Ouattara
Perezida Alassane Ouattara

Prezida wa Cote d'Ivoire, Alassane Ouattara azokwitoza mu kiringo kigira gatatu naho hari abatabishigikiye. Ni mu matora ategekanijwe mu kwezi kw’icumi k’uyu mwaka.

Umugambwe uri ku butegetsi wagenye Ouattara mu ndwi iheze. Uwo wari wagenye imbere yaho, Amadou Coulibaly, yari umushikiranganji wa mbere yapfuye mu kwezi kw’indwi ahitanywe n’umutima.

Prezida Ouattara ameyesha ko yishuye ku vyasabwe n’abanyagihugu, ko kubera izo mvo azoba umukandida mu matora y’umukuru yo kw’itariki 31 y’ukwezi kw’icumi. Mu kwezi kwa gatatu, yari yemeye ko atazosubira kwitoza. Yamara ku musi wa kane yatangaje ko urupfu rw’umushikiranganji wiwe wa mbere vyatumye hindura aho yari ahagaze.

Umukandida akomeye bazohiganwa ni Henri Konan Bedie, yabaye prezida kuva mu mwaka w’i 1993 gushika mu mwaka w’i 1999. Yabwiye televiziyo y’Ubufransa, France 24 ko ukwitoza kwa Ouattara biciye kubiri n’amategeko.

Igihugu ca Cote d’Ivoire uyu musi cahimbaje imyaka 60 irangiye kironse intahe y’ukwikukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG