Umurwi w'igihugu ujejwe amatora muri Cote d'Ivoire wemerera abanyagihugu ko amatora y'umukuru w'igihugu azoba mu kwezi kw'icumi kw'uyu mwaka azogenda neza.
Urwo rwego rwatanze icyo kizere ku musi wa gatatu. Ni igihe umugambwe uri ku butegetsi, RHDP wasavye Perezida Alassane Ouattara gusubira kwitoza. Ivyo naho ababirwanya bavuga ko ata burenganzira afise bw’ukwitoza mu kiringo kigira gatatu hisunzwe ibwirizwa shingiro.
Imigambwe itavuga rumwe na Reta yikeka ko abajejwe gutegura amatora bahengamiye ku ruhande rwa Ouattara. Urwego rw’igihugu rujejwe amatora rwatangaje ko ruzovugana n’imigambwe yose imbere y’amatora yo mu kwezi kw’icumi.
Umukuru w’urwo rwego, Ibrahime Coulibaly Kuibert, avuga ko ikintu ca mbere bashaka gushikako ari ugutuma amatora yizigirwa kandi aba mu muco.
Prezida Ouattara, yishura ku vyasabwe icese n’abanywanyi b’umugambwe wiwe ku musi wa gatatu vyuko yosubira kwitoza, yasavye kuronswa umwanya w’ukwivyiyumvira. Yamara yamenyesheje ko atigeze ahemukira abanywanyi b’umugambwe wiwe.
Yavuze ko azotangaza ingingo yiwe mw’ijambo vyitezwe ko azoshikiriza abanyagihugu ku musi wa kane w’indwi iza.
Facebook Forum