Uko wahagera

Afrika y'Epfo Itangaza ko Ikiza ca COVID-19 Cagabanutse


Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo ashikiriza ijambo ku bashingamateka i Cape Town
Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo ashikiriza ijambo ku bashingamateka i Cape Town

Perezida wa Afrika y’Epfo n’abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu, batangaza ko ibitigiri vy’abandura COVID-19 bigeze aho bitangura kugabanuka. Perezida Cyril Ramaphosa yatangaje ko amategeko amwe amwe yafashwe agiye gutezurwa, ariko kandi ko urugamba rutararangira.

Cyril Ramaphosa, yatangaje ku musi wa gatandatu ko mu ndwi zitatu ziheze, abandura bashasha ku musi bavuye ku 12 000 bashika ku 5 000.

Abanyagihugu bo muri Johannesburg bagiye mu mabarabara kuri uyu wa mbere bagaragaza akanyamuneza kubw’iyo nkuru.

Ramaphosa yatangaje kandi ko hari ngingo zigiye gutezurwa zirimwo gusubira kurekura urudandazwa rw’itabi n’inzoga.

Afrika y’Epfo ni co gihugu ca mbere ku mugabane w’Afrika casinzikajwe na COVID-19, aho abashika hafi ku 600 000 banduye, n’abarenga 11 800 bapfuye, ku gihugu kibamwo abangana imiliyoni 60.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG