Uko wahagera

Afrika y'Epfo Yashikanye Abarenga 300 000 Banduye COVID-19


Afrika y’epfo yashikanye abantu barenga 300 000 kuri uyu wa gatatu bamaze kwandura umugera wa corona. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Zweli Mkhize. Abandi bantu 107 bashasha bapfuye kuri uyu wa gatatu, bashikanye ku barenga 4 450 umaze guhitana.

Abanduye barenga 35 kw’ijana bari mu ntara ya Gauteng, yaronse kandi benshi bapfuye.

Perezida Cyril Ramaphosa mu ndwi iheze yavuze ko igihugu arongoye kitari bwigere gihura n’ikiza co ku rugero rungana uku. Afrika y’epfo ni co gihugu gisinzikajwe cane na COVID-19 ku mugabane w’Afrika. Gikurikirwa na Misiri imaze kuronka abari munsi y’85 000 banduye n’abarenga 4 000 bapfuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG