Uko wahagera

Ubufaransa Bwatanguye Gutohoza kw'Iyicwa ry'Abafaransa 6 muri Nijeri


Abategetsi b'ishirahamwe ry'abagiraneza b'Abafaransa, ACTED, mu kiganiro n'abanyamakuru ku cicaro caryo i Paris, kw'italiki 10/08/2020
Abategetsi b'ishirahamwe ry'abagiraneza b'Abafaransa, ACTED, mu kiganiro n'abanyamakuru ku cicaro caryo i Paris, kw'italiki 10/08/2020

Abasirike b’Abafaransa n’abanyanijeri kuri uyu wa mbere bari mu bikorwa vyo kurondera abishe abafaransa batandatu bahora bakorera ishirahamwe ry’abagiraneza ACTED mu micungararo y’igisagara ca Kouré.

Ababishe bari kumapikipiki bitwaje inkoho kandi babicanye n’abanyanijeri babiri bari bajejwe kubereka inzira. Abishwe bose hamwe ni umunani.

Abo bafaransa batewe kuri uyu w’Imana igihe bari mu modokari mw’ishamba cimeza ribamwo impongo, ahahurumbirwa n’abakerarugendo b’abanyamahanga baba ku murwa mukuru Niamey.

Nta muhari wiyitiriye ico gitero, ariko imihari y’iterabwoba nka Boko Haram irakunze kugaba ibitero nk’ivyo muri Nijeri.

Ibiro vy’Ubufaransa bijejwe kurwanya iterabwoba vyatanguje amatohoza.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, mu butumwa yashikirije ku rubuga Twitter, yavuze ko urugamba ku mihari y’iterabwoba rutazohagarara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG