Uko wahagera

Abafaransa 6 Baranyurujwe n'Abitwaje Inkoho muri Nijeri


Abafaransa batandatu bamukerarugendo, uwunyanijeri umwe ajejwe kubereka inzira hamwe n’umushoferi wabo bishwe kuri uyu w’Imana n’abagabo bitwaje inkoho bari ku mapikipiki mu bumanuko bushira uburengero bwa Nijeri.

Perezidanse y’Ubufaransa yemeje ko abanyagihugu babo biciwe muri Nijeri ariko nta gitigiri c’abapfuye yatanze.

Amakuru ava mu bisata vya Nijeri bijejwe ibidukikije avuga ko abo bafaransa bishwe mu masaha ya satanu n’igice z’agatondo mu masaha ya Nijeri. Biciwe ku birometero bitandatu uva mu gisagara ca Koure, kiri ku rugendo rw’isaha, imbere yo gushika ku murwa mukuru Niamey.

Ni co gitero ca mbere kibaye kuri bamukerarugendo b’abanyabulaya muri ako karere, kazwi ko karimwo impongo nyinshi. Nta muhari uriyemerera ko ari wo wabishe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG