Uko wahagera

Ubufaransa Butera Ivyatsi Abakoze Igitero ku Banyamahanga muri Nijeri


Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron kumwe na mugenzi we wa Nijeri Issoufou Mahamadou
Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron kumwe na mugenzi we wa Nijeri Issoufou Mahamadou

Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron, yiyamirije igitero cahitanye abantu 8 barimwo abagiraneza muri Nijeri. Ni igitero abitwaje ibirwanisho bagavye ahitwa Koure hanze y’umurwa mukuru, Niamey mu gice kigenderwa cane n’ingenzi.

Ibiro vya prezida bimenyesha ko Macron yavuganye kw’itelefone na mugenzi we wa Nijeri, Mahamadou Issoufou. Abo bategetsi bompi bakaba biyamirije ico gitero bavuga ko kigayitse.

Ishirahamwe rijejwe gutabara ry’abafransa, ACTED, ryamenyesheje ko benshi mu bakozi baryo bari mu bishwe. Bivurwa ko ari co gitero ca mbere nk'ico gikozwe ku banyamahanga muri ico gice c’igihugu ca Nijeri.

Yamara abakurikirana ibintu bavuga ko bidatangaje kubona igitero nk'ico kiba mu ntara ya Sahel imaze imyaka itari mike irimwo umutekano muke.

Mu kiganiro aherutse guha Ijwi ry'Amerika, Intumwa ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere ka Sahel, J. Peter Pham, yatangaje ko ibitero vy’intagondwa muri Burkina Faso, Mali na Nijeri vyiyongeye incuro 40 kw’ijana mu mezi ane ya mbere y’uyu mwaka yonyene.

Nijeri ni igihugu gicuditse cane na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubufransa n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi. Amerika n’Ubufransa bimaze igihe bimenyereza bongera baha ibikoresho vya gisirikare inteko za Reta ya Nijeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG