Uko wahagera

Benjamin Mkapa Yitavye Imana Afise Imyaka 81


Benjamin William Mkapa, mu rugendo mu Burundi
Benjamin William Mkapa, mu rugendo mu Burundi

Uwahoze ari perezida wa Tanzaniya n’umuhuza w’Abarundi, William Benjamin Mkapa yaritavye Imana I Dar es Salaam kuri uyu wa kane. Yari afise imyaka 81. Perezida John Pombe Magufuli yatangaje urupfu rwa Mkapa kuri televiziyo y’igihugu gato inyuma ya sasita y’ijoro mu masaha y’ I Dar es Salaam.

Mkapa yabaye perezida agira gatatu wa Tanzaniya yatwaye kuva mu 1995 gushika muri 2005. Icamwishe gushika ubu ntikiramenyekana, ariko yashengeye ari mu bitaro ku murwa mukuru w’ubutunzi, Dar es Salaam.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG