Uko wahagera

USA: Umuporisi Yishe Arashe Umwirabure i Atlanta Yakuwe mu Kazi


Umuporisi Garrett Rolfe ariko asuzuma umugabo w'umwirabure Rayshard Brooks ko yoba yatwara imodokari yaborewe. Atlanta, Georgia
Umuporisi Garrett Rolfe ariko asuzuma umugabo w'umwirabure Rayshard Brooks ko yoba yatwara imodokari yaborewe. Atlanta, Georgia

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, igiporisi co mu gisagara ca Atlanta muri reta ya Georgia carirukanye umuporisi yarashe yongera arica umugabo w’umwirabure ku munsi wa gatanu. Uwo mwirabure w’imyaka 27, azwi kw’izina rya Rayshard Brooks, yazize kuba yirutse atwaye ikintu kimeze nk’inkoho c’uwo muporisi, kiraswa umutu kugira acike intege hanyuma afatwe vyoroshe. Uwo mwirabure yahunze kuko yatinya gufatwa kuko yoba yafashwe akekwa kuba yariko atwara imodoka yaborewe.

Urupfu rwiwe rwatumye haba imyiyerekano mu gisagara ca Atlanta ku munsi wa gatandatu. Yatanguye mu mahoro ariko mu nyuma yabayemwo ubugizi bwa nabi aho inzu y’uburiro iri hafi y’aho Brooks yarasiwe yaturiwe iratokombera.

Ibi vyabaye kandi haheze umunsi umukuru w’igiporisi c’aho nyene i Atlanta, Erika Shields atanze imihoho inyuma y’urupfu rw’uwundi mwirabure yapfiriye mu minwe y’igiporisi.

Urupfu rwa Brooks rubaye mu gihe igihugu cose kikiri mu mwihwezo w’icohindurwa mu gisata c'igiporisi aho abirabure b’abanyamerika bicwa bahowe ivyaha bito bito.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG