Uko wahagera

USA: Abandi Bapolisi 3 Baragirijwe Ivyaha ku Rupfu rwa George Floyd


Abapolisi 3 begetsweko ivyaha ku musi wa gatatu mu gisagara ca Minneapolis muri Reta ya Minnesota ku bijanye n'urupfu rwa George Floyd

Hano muri Reta zunze ubumwe z’Amerka. Abandi bapolisi 3 bari bahari igihe Derek Chauvin umupolisi wo mu gisagara ca Minneapolis yapfukama kw’izosi ry’umunyamerika w’umwirabure, George Floyd gushika apfe bagirijwe icese ku musi wa gatatu ivyaha vy’ukuba barafashije mw’igandagurwa ryiwe. Icaha Chauvin yagirizwa c’ukuba yagandaguye Floyd carongerejwe uburemere mu kuvanwa kau rugero rwa gatatu gishirwa ku rugero rwa kabiri hisunzwe amategeko yo muri Reta ya Minnesota.

Ikinyamakuru, “The Star Tribune” catangaje ko Chauvin ari we azohangana n’icaha gikomeye cane kurusha abo bandi bapolisi batatu bari kumwe ku vyerekeye urupfu rwa George Floyd Bose uko ari bane baza barirukanywe mu kazi kabo.

Umushikirizamanza mukuru wa Reta ya Minnesota, Keith Ellison, ni we yashikirije ivyvo vyagirizo bishasha ku musi wa gatatu.

Umushingwamanza w’umuryango wa George Floyd, Benjamin Crump, yatangaje ko ari intambwe ikomeye mu nzira y’ubutungane. Crump yatangaje ko Ellison yabwiye umuryango wa Floyd ko azobandanya itohoza ku rupfu rwiwe, ko azokwongereza uburemere vy’ivyaha yashikirije n’iyo haboneka ibindi vyemezo bibirekurira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG