Uko wahagera

Kenya: Abatorotse Batarakwiza Iminsi 14 ya COVID-19 Bararonderwa


Abanyakenya mw'ibarabara biyamiriza itegeko ryo Guma mu Rugo
Abanyakenya mw'ibarabara biyamiriza itegeko ryo Guma mu Rugo

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, yemeje ko agiye guhagarika no guhana abantu 50 batorotse ikibanza c’i Nairobi bari barashizwemwo kurindiriramwo iminsi 14 bakekwa ko boba baranduye umugera wa Corona. Abanyakenya bamwe bashizwe muri ivyo bibanza vya reta, baridoga ko barihishwa amafaranga menshi y’iminsi babimaramwo.

Umushikiranganji wa Kenya ajejwe amagara y’abantu, Mutahi Kagwe, yasavye abanyakenya kudomako urutoke abantu bahunze aho bari bashizwe mw’ishure rya reta ritanga imyimenyerezo ku baganga i Nairobi.

Kuri uyu wa gatatu kandi, reta ya Kenya yabujije abantu kwinjira no gusohoka komine ya Mandera, ihana urubibe na Etiyopiya na Somaliya, inyuma y’aho hagaragariye abantu umunani banduye COVID-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG