Uko wahagera

Kenya Igiye Gutanguza Isekeza ryo Gupima COVID-19


Umukozi wo muri Laboratware ipima COVID 19 i Nairobi muri Kenya.
Umukozi wo muri Laboratware ipima COVID 19 i Nairobi muri Kenya.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Kenya bugiye kuzotangura gusuzuma kivunga abanyagihugu mu ntumbero yo kurwanya ikwirakwizwa ry’umugera wa Corona.

Abambere bazohererwako ni ababa mu bice birimwo abantu benshi bakenye ku murwa mukuru Nairobi, mu bitaro hamwe no mubibanza vyakoranirijwemwo abakekwa ko banduye.

Reta yashikirije ko yarungitse ibipimo bingana 12000 muri ivyo bice bifise amahirwe manini yo kwandura. Abanduye COVID-19 muri Kenya bariyongereye mu kwezi guheze. Gushika ubu ico gihugu kimaze kuronka abanduye 225 hamwe na 10 bamaze gutangazwa ko bapfuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG