Uko wahagera

Kenya: Umupadiri Yagirijwe Kurenga ku Mategeko ya COVID-19


Padiri Katolika, Richard Onyango Oduor ahejeje kwegekwako icaha co gukwirakwiza umugera wa Corona. Nairobi, Kenya, kw'italiki 16/04/2020.
Padiri Katolika, Richard Onyango Oduor ahejeje kwegekwako icaha co gukwirakwiza umugera wa Corona. Nairobi, Kenya, kw'italiki 16/04/2020.

Umupadiri wo mw’idini Katolika muri Kenya yagirijwe n’ubutungane kuri uyu wa kane ko yerenze ku mategeko yo kudakwirakwiza umugera wa Corona.

Padiri Richard Onyango Oduor, yagirizwa guca kubiri n’amategeko inyuma yo kuva mu rugendo mu Butaliyano, yanka kubanza kwishira mu kibanza ca wenyene kugira yirinde kwanduza abandi mu gihe yoba yanduye.

Yahakanye ivyo yagirizwa na sentare i Nairobi, ariko ararekurwa abanje gutanga amande y’amashilingi 150000 kandi ategekwa guca amara imisi 14 mu kibanza ca wenyene. Yategetswe kuzosubira kwitaba sentare kw’itariki 2 z’ukwezi kwa gatanu. Abaye umuntu wa kabiri yagirijwe iki caha muri Kenya.

Igihugu ca Kenya kimaze kuronka abantu barenga 200 banduye COVID-19 hamwe na 11 uwo mugera umaze guhitana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG