Uko wahagera

Isirayeli mu Nzira yo Gushinga Reta y'Ubumwe


Isanamu yashizwe hamwe yerekana Benny Gantz, arongoye umugambwe Blue and White na Benjamin Netanyahu umushikiranganji wa mbere.
Isanamu yashizwe hamwe yerekana Benny Gantz, arongoye umugambwe Blue and White na Benjamin Netanyahu umushikiranganji wa mbere.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu hamwe n’uwo batavuga rumwe muri poritike Benny Gantz, kuri uyu wa kabiri basa n’aho bari begereje gushinga reta yihuta yo guhangana n’ikiza ca Corona. Ni mu ntumbero kandi yo kurangiza ukudindira muvya poritike kumaze igihe mur’ico gihugu.

Iminsi 28 Gantz yari yarahawe na Perezida Reuven Rivlin yo kuba yarangije gushinga reta yarangiye kuwa mbere. Perezida Rivlin, asanzwe akurikirana ivyo biganiro yamwongeye iyindi minsi ibiri.

Ibiro vya Rivlin vyashikirije ko iyo minsi yongerejwe kuko abona ko abo banyeporitike bimirije gushika ku mwumvikano wo gushinga reta y’ubumwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG