Uko wahagera

Gushinga Reta muri Isirayeli Vyabaye Amananiza


Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yumviriza umushikiranganji w'intwaro mu gihugu, Aryeh Deri during i Jerusalemu
Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu yumviriza umushikiranganji w'intwaro mu gihugu, Aryeh Deri during i Jerusalemu

Ibiharuro vya nyuma vyavuye mu matora yikurikiraije incuro zitatu muri Isirayeli vyerekanye ko umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yatsinze ariko ntakwije amajwi asabwa ngo ashinge reta.

Ku ntebe 61 zikenewe ngo yemererwe gushinga reta, umugambwe wiwe Likud waronse intebe 58 inyuma yo kwongerezwa amajwi n’imigambwe bicuditse. Netanyahu akeneye intebe zitatu ngo abashe gushinga reta.

Ivyo biharuro vyo kuri uyu wa gatatu kandi biha intebe 33 Benny Gantz umugambwe Blue and White.

Netanyahu yagirizwa n’ubutungane ivyaha bitatu vya ruswa, kandi urubanza rwiwe rutegekanijwe gutangura kw’itariki 17 z’ukwezi kwa gatatu.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG