Uko wahagera

100 Barishwe na COVID 19 mu Masaha 24 muri Reta ya New York


Abaganga bafasha umurwayi wa Corona mu gisagara ca New York , kw'itariki ya 26/03/2020.
Abaganga bafasha umurwayi wa Corona mu gisagara ca New York , kw'itariki ya 26/03/2020.

Reta ya New York kuri uyu wa kane yashitse mu gihe c’umubabaro, aho abanyagihugu bayo 100 bahitanwe n’ikiza ca Corona mu kiringo c’amasaha 24. Buramatari w’iyo ntara Andrew Cuomo yagabishije ko ibitigiri bizobandanya kwiyongera.

Cuomo yabibwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Yavuze ko abapfuye ari abawanduye bari bamaze indwi kanaka bafashwa guhema n’ivyuma vyabigenewe.

Iyo reta ibamwo imiliyoni 19.5 z’abantu ni yo isinzikajwe na Corona kuruta izindi, aho gushika kuri uyu wa kane abarenga 37000 bari bamaze kumenyekana ko banduye.

Kuri uyu wa gatatu, sena y’Amerika yaremeje amafaranga angana na triliyoni zibiri z’amadolari yo gufasha muri iki kiza, aho reta ya New York izoronswamwo Biliyoni 5. Buramatari Cuomo w’iyo reta avuga ko reta yiwe yiteze uruhombo rukomeye rwa biliyoni ziri hagati ya 10 na 15 kubera umugera wa Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG