Reta ya New York kuri uyu wa kane yashitse mu gihe c’umubabaro, aho abanyagihugu bayo 100 bahitanwe n’ikiza ca Corona mu kiringo c’amasaha 24. Buramatari w’iyo ntara Andrew Cuomo yagabishije ko ibitigiri bizobandanya kwiyongera.
Cuomo yabibwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane. Yavuze ko abapfuye ari abawanduye bari bamaze indwi kanaka bafashwa guhema n’ivyuma vyabigenewe.
Iyo reta ibamwo imiliyoni 19.5 z’abantu ni yo isinzikajwe na Corona kuruta izindi, aho gushika kuri uyu wa kane abarenga 37000 bari bamaze kumenyekana ko banduye.
Kuri uyu wa gatatu, sena y’Amerika yaremeje amafaranga angana na triliyoni zibiri z’amadolari yo gufasha muri iki kiza, aho reta ya New York izoronswamwo Biliyoni 5. Buramatari Cuomo w’iyo reta avuga ko reta yiwe yiteze uruhombo rukomeye rwa biliyoni ziri hagati ya 10 na 15 kubera umugera wa Corona.
Facebook Forum