Uko wahagera

USA: California Baratinya Abazobasahura Ibifungurwa Kubera Corona


Imangazini y'inkoho i Miami muri Reta ya Florida.
Imangazini y'inkoho i Miami muri Reta ya Florida.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abategetsi bo mu gisagara ca Los Angeles batangaje ko amazu y’uburiro, ubunywero n’amapariki yo kwinezerezamwo bizoguma vyugawe muri ibihe vy’ikiza ca Corona.

Mu gihe abanyagihugu batonze imirongo barondera gusuma ibifungurwa, abandi batonze imirongo ku mamangazini agurisha inkoho muri reta ya Californiya.

Abo bagura inkoho bavuga ko biteze ko mu gihe ibifungurwa vyobura mu mihana y’abantu abafise inkoho boja mu mihana kuzibisha ibifungurwa. Kubw’ivyo ngo ni ukwitegura mu gihe vyoshika bagashobora guhangana n’abo basuma.

Bene ayo mamangazini batashimye kugaragaza amazina yabo bavuze ko batibuka igihe abantu bangana ukuraho bavogera ayo mamangazini muri kahise barondera kugura inkoho. Ariko abategetsi b’iyo reta barahumuriza abanyagihugu bavuga ko bariko barakora ibishoboka kugira abanyagihugu babo bagume batekanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG