Uko wahagera

Koreya y'Epfo Yemeye Gufasha USA Kurwanya Virusi ya Corona


Koreya y'Epfo, kimwe mu bihugu vya mbere kw'isi bifise ubuhinga bwo gusuzuma umugera wa corona, cemeye guha Reta zunze ubumwe za Amerika ibikoresho ico gihugu gikeneye cane mu gusuzuma uwo mugera.

Koreya y'Epfo yamenyesheje ko Prezida Donald Trump yayisavye ubufasha bwo kugwanya uwo mugera wa Corona mu rwandiko yashikirije ejo ku musi wa kabiri.

Ugusaba ubwo bufasha bije mu gihe hatari hari icuka ciza hagati ya Koreya y'Epfo na Amerika. Koreya y'Epfo yabaye igihugu ca mbere kw'isi catanguye gutunganya vyihuta ibibanza vyo gusuzuma ico kiza. Muri ivyo bibanza harimwo ivyo abantu batarinda kuva mu miduga yabo.

Muri iki gihe Koreya y'epfo iriko irafasha ibindi bihugu harimwo na Amerika isanzwe ifise ibibazo vyo gusuzuma abikekwako iyo ngwara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG