Uko wahagera

USA: Ibirego Bibiri Vyagirizwa Perezida Trump Vyahawe Sena


Umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi mu nyubakwa z'inama nshingamateka, i Washington.
Umukuru w'inama nshingamateka Nancy Pelosi mu nyubakwa z'inama nshingamateka, i Washington.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, umukuru w’inama nshingamateka, Nancy Pelosi kuri uyu wa gatatu yasinye ibirego bibiri vyagirijwe Perezida Donald Trump vyongera birungikwa muri Sena kugira imburano zizoce zitangura mu ndwi iza.

Kuri uyu wa gatatu kandi, inama nshingamateka yiganjemwo abademokrate yatoye yongera iremeza abashingamateka indwi biswe nk'abashingwamanza bazoburana muri Sena kuruhande rw’abademokrate.

Inama nshingamateka yegetse ivyaha bibiri kuri Trump mu kwezi guheze. Yagirijwe gukoresha ubutegetsi arimwo ku nyungu ziwe bwite no kubangamira ibikorwa vy’abashingamateka.

Imburano abademokrate bipfuza ko Trump ava ku butegetsi zizotangura ku musi wa kabiri kandi zishobora kuzomara indwi zitari nke.

Perezida Trump yamye avuga ko ata caha yakoze kandi ko ariko ahigwa nk’umurozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG