Uko wahagera

Urubanza rwa Perezida Trump muri Sena ni mu Ndwi Iza


Senate majority leader Mitch McConnel, May 6, 2015.
Senate majority leader Mitch McConnel, May 6, 2015.

Umukuru wa Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika Mitch McConnell yashikirije ko Sena izotangura imburano mu mizi ku vyaha vyagirizwa Perezida Donald Trump mu ntango z’indwi iza.

Ico gice ca kabiri c’urwo rubanza kizoba inyuma yuko inama nshingamateka igenzurwa n’abademokrate izoba yarungikiye Sena ivyaha bibiri bagirije Perezida Trump.

Umukuru w’inama y’abashingamateka Nancy Pelosi yashikirije ko bazotora kuwa gatatu kukurungika ivyo vyagiriji muri Sena.

Pelosi yavuze kandi ko inama nshingamateka izotora umugwi w’abadepite kuwa gatatu bazoba abashingwamanza mu rubanza muri Sena.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG