Uko wahagera

Perezida Trump Yatumiwe Kwumviriza Ivyo Aregwa


Inyubako y'inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika.
Inyubako y'inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, komisiyo y’inama nshingamateka ijejwe ibibazo vy’ubutungane yarungikiye ubutumire Perezida Donald Trump bwo kuzoyitaba mu ndwi iza akwumviriza ivyo aregwa, vyavuye mu matohoza kuvyaha ariko aratohozwako.

Komisiyo ijejwe iperereza mu nama nshingamateka mu ndwi iheze yarahejeje ibikorwa vyayo mu matohoza kandi igiye kuzorungikira raporo y’ivyo yatohoje komisiyo ijejwe ubutungane, ni yo izotanguza ubwa mbere ido n’ido ry’urubanza ku musi wa gatatu, itariki 4 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Iyo kimisiyo y’ubutungane izokwihweza ico ibwirizwa shingiro rivuga ku ngingo zijanye no kwagiriza Perezida, akaburana, atsinzwe agakurwa ku butegetsi.

Ametegeko avuga ko Trump n’abashingwamanza biwe bazoronka akaryo ko kubaza umurwi w’abahinga muvyo amategeko bazoseruka nk’ivyabona.

Aya matohoza arongowe na komisiyo yiganjemwo abademokrate iriko iratohoza nimba Trump yarahagaritse imiliyoni z’amadolari zababa 400 zigenewe gufasha igisirikare ca Ukraine mu gusaba ko Perezida Volodymyr Zelenskiy wa Ukraine abanza gotohoza kuri Joe Biden.

Trump yagirizwa kandi ko yasavye Perezida Zelenskiy gutohoza ku ruhara Ukraine yoba yaragize mu kwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu muri 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG