Uko wahagera

Hoba Hari Ivyemeza Bihagije vyo Kwagiriza Perezida Trump?


Fiona Hill na David Holmes biteguye kwishura umurwi w'abashingamateka ujejwe iperereza, kw'iperereza kuri Perezida Donald Trump. Isanamu yafashwe itariki 21/11/2019.
Fiona Hill na David Holmes biteguye kwishura umurwi w'abashingamateka ujejwe iperereza, kw'iperereza kuri Perezida Donald Trump. Isanamu yafashwe itariki 21/11/2019.

Uwahoze ari umutegetsi mu kanama k’igihugu kajejwe umutekano mu biro vya perezidansi y’Amerika kuri uyu wa kane yabwiye umurwi w’abashingamateka ujejwe iperereza ku vyaha vyagirizwa Perezida Donald Trump, ko kuvuga ko Ukraine yivanze mu matora yo mu 2016, ari amajambo yo kujuragiza abanyagihugu.

Fiona Hill, yavuguruje Perezida Trump, rimwe na rimwe akunze gukekeranya ko Uburusiya bwoba bwarahungabanyije amatora, akemera ibivugwa na Perezida Vladimir Putin.

Hill yavuze ko utwigoro tw’abategetsi ba reta ya Trump two gusaba Ukraine gutanguza itohoza ku munyepolitike wo mu gihugu, biteye kubiri na politike y’Amerika mu makungu.

Ariko, umukuru w’abarepublikani mu murwi w’abashingamateka ujejwe iperereza, Devin Nunes, yavuze ko kubona Trump yari akeneye kumenya ko Ukraine yagize uruhara mu matora yo mu 2016 bidateye kubiri n’amategeko.

Kuri uyu musi wa kane, Hill yabaye uwugira kabiri mu bategetsi bo muri reta ya Trump amuhangaye akamuvuguruza ku kibazo ca Ukraine.

David Holmes, umuhanuzi muvya politike muri ambasade y’Amerika i Kyev muri Ukraine, nawe nyene yumvirijwe kuri uyu wa kane. Yavuze ko yumvise ikiganiro Trump yagiranye na Gordon Sondland, ambasaderi w’Amerika mu bumwe bwa Bulaya.

Holmes yavuze ko Sondland yemereye Trump ko Zelenskiy azokora ico azosabwa cose harimwo kuzotohoza kuri Joen Biden n’umuhungu wiwe.

Umuvugizi wa perezidanse, Stephanie Grisham yavuze ko abademokrate bafitiye inzigo n’urwanko kuri Trump kandi bagamije gutembagaza ivyavuye mu matora yo mu 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG