Uko wahagera

USA: Abakozi ba Perezidansi Batanze Ubuhamya ku Bashingamateka


Jennifer Williams, akora mu biro kwa Visi Prezida Mike Pence na Lieutenant Colonel, Alexander Vindman, umutegetsi mukuru mu biro vy’akanama k’igihugu kajejwe umutekano
Jennifer Williams, akora mu biro kwa Visi Prezida Mike Pence na Lieutenant Colonel, Alexander Vindman, umutegetsi mukuru mu biro vy’akanama k’igihugu kajejwe umutekano

Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umurwi w’abashingamateka ujejwe iperereza, uyu musi ku wa kabiri uriko urumviriza abategetsi batari bake bakora muri perezidansi y’Amerika.

Abo bategetsi bari mu bumvirije ikiyago cabaye kuri telrfone hagati ya Prezida wa Amerika, Donald Trump hamwe na Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky.

Jennifer Williams, akora mu biro kwa Visi Prezida Mike Pence nk’umufasha wiwe, hamwe na Lieutenant Colonel, Alexander Vindman, umutegetsi mukuru mu biro vy’akanama k’igihugu kajejwe umutekano banonosoye ibibazo vyerekeye igihugu ca Ukraine. Bompi ni bo bariko barashikiriza abashingamateka ivyo bazi ku birego vyagirizwa Prezida Trump.

Jennifer Willimas na Lieutenant Colonel Vindman batangaje ko batewe amakenga n’ico kiyago cabaye kuri terefone hagati y’abo bategetsi.

Ico kiyago ni co catumye Trump yagirizwa ko yariko arahimiriza abategetsi barongoye igihugu ca Ukraine, ngo batangure itohoza ku munyapolitike, Joe Biden, yahoze ari visi prezida wa Amerika, bashobora kuzohiganwa mu matora ategekaniwe mu mwaka w’2020.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG