Uko wahagera

USA: Abashingamateka Barahana Turukiya Kubwo Gutera muri Siriya


Inyubakwa y'inama nshingamateka y'Amerika i washington
Inyubakwa y'inama nshingamateka y'Amerika i washington

Inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z’Amerika, yatoye yongera iremeza kuri uyu wa kabiri integuro y’itegeko rihana Turukiya ku ruhara ico gihugu cagize mu gutera uburaruko bwa Siriya.

Turukiya yagirizwa kandi guhungabanya agateka ka zina muntu ku bwoko bw’abakurde.

Abashingamateka barerekanye amakenga ku ngingo yafashwe giturumbuka yo gukura abasirikare b’Amerika muri Siriya. Bavuga ko iyo ngingo yatumye Turukiya yirukana abarwanyi b’abakurdes bafashije Amerika kurwanya umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Ivyo bihano bizobuza Turukiya kugura ibirwanisho bikoreshwa muri Siriya, kandi bihane amabanki yafashije igisata ca gisirikare ca Turukiya, ndetse amatungo n’amafaranga ya Perezida Erdogan muri Amerika afatwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG