Uko wahagera

Turukiya Yemeza ko ata Mpamvu Kubandanya Intambara muri Siriya


Abarwanyi bashigikiwe na Turukiya bari mu modokari hafi y'urubibe rw'igisagara Tal Abyad, muri Siriya. Isanamu yafashwe itariki 22/10/2019.
Abarwanyi bashigikiwe na Turukiya bari mu modokari hafi y'urubibe rw'igisagara Tal Abyad, muri Siriya. Isanamu yafashwe itariki 22/10/2019.

Igihugu ca Turukiya gishikiriza ko bidakenewe kwongera kugaba ibitero vya gisirikare ku bakurdes bo muri Siriya, kuko ngo Reta zunze ubumwe za Amerika yababwiye ko abakurdes bose bavuye mu buraruko bwa Siriya.

Turukiya yabishikirije kuri uyu wa kabiri, inyuma y’amasaha make ikiringo cumvikanyweko co guhagarika imirwano no gutanga agahengwe kirangiye.

Umwe mu bategetsi ba Amerika yavuze ko Washington iriko irakorana na Turukiya kugira iyo ntambara ihagarare burundu.

Turukiya yatanguye ibitero igihe perezida Donald Trump ategekeye ko hafi abasirikare bose ba Amerika bava mu buraruko bwa Siriya, haraheze indwi zibiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG