Uko wahagera

Turukiya Yemeye Agahengwe k'Amasaha 120.


Abana b'abanyaturukiya bafise amabendera ya Turukiya haruhande y'biduga vya gisirikare. Amasanamu yafashwe itariki 14/10/2019.

Igihugu ca Turukiya cemeye gutanga agahengwe k’intambara k’amasaha 120 mu bitero kirimwo n’umugwi w’abarwanyi b’abakurdes mu buraruko bwa Siriya.

Icegera ca perezida wa Amerika, Mike Pence yabitangarije i Ankara kuri uyu wa kane, inyuma y’ibiganiro vyamaze amasaha ane na perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan.

Pence yashikirije ko ako gahengwe k’indwi ari akaryo ko guha abarwanyi b’abakurde ko kuva mu karere k’ibirometerero 32 ku rubibe rwa Turukiya na Siriya.

Pence yashikirije ko Turukiya na Amerika bemeranije gutunganya ibiganiro kuri ako karere gateye ibibazo, n’ukuntu bazobandanya kurwaniriza hamwe umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu. Ni mu gihe bamwe muri bo baza baratorotse kuva Turukiya itanguye ibitero.

Trump yashikirije ko uyu mvumvikano utumye ibihano mu vy’ubutunzi kuri Turukiya bitagikenewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG