Uko wahagera

USA: Visi Perezida Pence mu Karere Guhuza Siriya n'Abakurde


Mike Pence, Icegera ca Perezida Donald Trump

Umushikiranganji wa Reta zunze bumwe z’Amerika ajejwe kwivuna abansi, Mark Esper yashikirije ko Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan ariwe azobazwa inkurikizi y’ibizoba vyose mu ntambara arimwo muri Siriya.

Izo nkurikizi avuga ko harimwo ukwongera kuvuka kw’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu, guhungabanya ubuzima bw’abanyagihugu hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara bishobora kuba.

Icegera ca perezida, Mike Pence nawe ashikiriza ko Trump yamurungitse mu karere ko mu buseruko bwo hagati, mu twigoro two kuremera Turukiya hamwe n’abarwanyi b’abakurde baje ku meza y’ibiganiro.

Pence avuga ko Trump yavuganye na Erdogan kuri uyu wa mbere kandi amusaba guhagarika vuba ibikorwa vya gisirikare.

Perezida Donald Trump yashikirije ko ariko araduza amatagisi ku vyuma Turukiya ishorera muri Amerika kandi yiteguye gufatira ibihano bikomeye abahoze hamwe n’abategetsi ba Turukiya. Trump yavuze kandi ko ahagaritse ibiganiro yarimwo na Turukiya ku guhanahana ibidandazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG