Uko wahagera

Amerika Iriko Ikura Abasirikare Bayo Bose mu Buraruko bwa Siriya


Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri White House i Washington, DC.
Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri White House i Washington, DC.

Reta zunze ubumwe z’Amerika iriko irakura abasirikare bayo bose bari basigaye mu buraruko bwa Siriya, mu gihe Perezida Donald Trump yashikirije kuri uyu w’Imana ko ari ingingo ifashwe “yihwejwe neza kandi yerekanye impinduka” ko Amerika itazogira uruhara muri iyo ntambara Turukiya itanguye ku barwanyi b’abakurdes bafashije Amerika igihe kirekire.

Trump yashikirije ko ariko arakorana n’indongozi z’abashingamateka, harimwo n’abademokrate, kugira bafatire ibihano bikomeye muvy’ubutunzi Turukiya kuri ico gikorwa co kugaba ibitero mu kindi gihugu.

Televiziyo ya reta ya Siriya yatangaje ko abasirikare ba reta bariko berekeza mu buraruko, ku rubibe kurwanya Turukiya, ariko nta bisobanuro birenze yatanze.

Hagati aho, abategetsi b’abakurdes bashikiriza ko abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu n’imiryango yabo baharurwa mu majana batorotse amakambi bari bakoranirijwemwo mu buraruko bwa Siriya, mu gihe abasirikare ba Turukiya babandanya ibitero muri ako karere.

Ibiro vya ONU bijejwe imfashanyo, OCHA, bigereranya ko abantu barenga 130,000 bamaze guta ingo zabo.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG