Uko wahagera

ONU Itewe Ubwoba n'Irindi Terabwoba muri Siriya


UN Syria
UN Syria

Abagize akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi bashikirije impungenge bafise ata n’umwe avuyemwo, ko abarwanyi b’imihari y’iterabwoba bafungiwe mu mabohero muri Siriya bashobora gutoroka bagasubira mu banyagihugu.

Mu nama yabahuje kuri uyu wa gatatu, harimwo n’Uburusiya, soma mbike na Siriya bashikiriza ko batewe amakenga n’ubuzima bw’abantu burushiriza kumera nabi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya.

Ariko ntibaneguye ibitero vya Turukiya, ivyo Reta zunze ubumwe z’Amerika ibonwa ko yaciriye inzira, mu gukura abasirikare bayo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya. Ntibanasavye ko izo ntambara zohagarara.

Hagati aho, abagize akanama k’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya ari bo Ububirigi, Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi hamwe na Pologne bashimitse mu kuvuga ko amakambi afungiwemwo abakoze iterabwoba acungerwa bikomeye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG