Uko wahagera

Amerika Izogumiza Bamwe mu Basirikare muri Siriya


Abasirikare b'Amerika bava muri Siriya

Reta zunze ubumwe z’Amerika zivuga ko zizogumiza bamwe mu basirikare bayo hafi y’ibibanza birimwo ibitoro mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya, kugira babikingire ntibifatwe n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu. Vyashikirijwe n’umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi kuri uyu wa mbere.

Umugwi w’imodokari za gisirikare zirenga 100 zirimwo abasirikare ba Amerika bajabutse muri Iraki bava muri Siriya kuri uyu wa mbere. Ni mu mugambi wa perezida Donald Trump wo gukura abasirikare b'Amerika muri Siriya.

Amerika mu ndwi iheze yarumvikanye amasezerano na Turukiya yo guhagarika intambara imisi itanu kugira abarwanyi b’aba Kurdes bave ku rubibe, ku karere k’ibirometero 32.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG