Uko wahagera

Perezida Trump Abandanya Kubeshuzwa ku Kibazo ca Ukraine


Ambasaderi William Taylor yitaba abashingamateka b'Amerika, kugira yisigure ku vyerekeye Ukraine, Washington, itariki 22/10/2019.
Ambasaderi William Taylor yitaba abashingamateka b'Amerika, kugira yisigure ku vyerekeye Ukraine, Washington, itariki 22/10/2019.

Ambasaderi w’imfatakibanza wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri Ukraine yaritavye ubutumire bw’abategetsi mu nama nshingamateka kuri uyu wa kabiri.

Yashikirije ko yabwiwe n’ibiro vya perezidansi y’Amerika ko ivyo biro vyari gushobora gutanga imfashanyo za gisirikare kuri Ukraine mu gihe Ukraine yokwemera ku mugaragaro gutohoza kuba demokrate hamwe na Joe Biden n’umuhungu wiwe.

William Taylor yabonanye mu mwiherero n’abashingamateka mu matohoza ku vyaha perezida Donald Trump yoba yarakoze vyotuma akurwa ku butegetsi.

Yabeshuje ibishikirizwa na perezida ko atariko arondera inyungu ziwe bwite mu gushaka guhungabanya uwo bashobora kuzohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG