Uko wahagera

Ambasaderi Yovanovitch Agaya Trump Kuba Yaramukuyeho


Ambasaderi Marie Yovanovitch yari ageze imbere y'ingoro inama shingamateka y'Amerika ikoreramo, tariki ya 11/10/2019

Ambasaderi Marie Yovanovitch yahoze aserukira Amerika mu gihugu ca Ukraine yabwiye umurwi w’abashingamateka ko Trump ari we ubwiwe yahimirije ubushikiranganji bujejwe imigenderanire, kumukura mu mabanga yiwe.

Abo bashingamateka bariko baratohoza ivyaha Prezida Donald Trump yikekwa ko ashobora kuba yarakoze. Ayo makuru yatangajwe ubwa mbere n’ikinyamakuru The Washington Post, igihe candika ko ayo makuru mashasha yariko aratangazwa, yari mw’ijambo Yovanovitch yari yateguye.

Prezida Trump yakuye Yovanovitch mu mabanga yiwe ya ambasaderi mu kwezi kwa gatanu. Ni inyuma y’aho hatangarijwe amakuru atagira aho afatiye, yavuga ko uyo mupfasoni atariko arakwirikirza imigambi ya Prezida Trump.

Tariki ya 11 y’uko kwezi kw’icumi, Yovanovitch yararengutse imbere y’umurwi w’abashingamateka yishura ibibazo kandi avuga ivyo azi, mu kiganiro cabaye mu mwiherero.

Prezidansi ya Amerika yaratangaje ko itazokwigera yemera kurenguka no kubazwa ibijanye n’iryo tohozwa vy’ivyaha vyikekwa kuri Prezida Trump. Yo ivuga ko iryo tohozwa riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro rya Amerika.

Mu ntumbero yo kubandanya iryo tohozwa, imirwi y’abashingamateka, ku musi wa kane, yarafashe ingingo yo kurengukisha ku gahato umushikiranganji wa Prezida Trump ajejwe amasoko ntanganguvu, Rick Perry, hamwe n’abandi bategetsi babiri bakoranye n’umushingwamanza wa Prezida Trump, Rudy Giuliani, yahoze ari umukuru w’igisagara ca New York.

Bitegekanijwe kandi ko n’abandi bategetsi bo muri Reta ya Prezida Trump, barimwo Gordon Sondland yahoze aserukira Amerika mw’ishirahamwe rya Bulaya, barenguka ku gahato, imbere y’imirwi y’abo bashingamateka ku musi wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG