Uko wahagera

Abasirikare b'Amerika Bakuwe muri Siriya Bimuriwe muri Iraki


Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ajejwe kwivuna abansi, Mark Esper
Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z'Amerika ajejwe kwivuna abansi, Mark Esper

Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika baravuye mw’ikambi nini barimwo mu buraruko bwa Siriya kuri uyu w’Imana.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe kwivuna abansi Mark Esper yavuze ko ingabo zose za Amerika zizoca zirungikwa mu burengero bwa Iraki kubandanyayo kurwanya umuhari w'iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri ako karere.

Esper yashikirije ko abasirikare barenga 700 batagitahutse muri Amerika vuba, nkuko perezida Donald Trump yari yabishikirije.

Uwo mutegetsi ntiyavuze ariko ko abo basirikare ba Amerika bazogaba ibitero kw’iterabwoba muri Siriya bava muri Iraki. Ariko avuga ko ico gishobora kuzoganirwako mu nama yimirije n’abo bakorana mu runani rwa OTANI.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG