Uko wahagera

Perezida Erdogan Avuga ko Adaterwa Ubwoba n'Ibihano vy'Amerika


Perezida wa Turukiya Tayyip Erdogan.
Perezida wa Turukiya Tayyip Erdogan.

Icegera c’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Mike Pence, ni we arongoye intumwa zo ku rwego rwo hejuru muri Turukiya. Zigiye kugondoza perezida w’ico gihugu ahagarike ibikorwa vya gisirikare arimwo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya.

Perezida Donald Trump avuga ko Biden aherekezwa kuri uyu wa gatatu n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo hamwe n’izindi ntumwa, bakazobonana ku wa kane na perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan.

Abasirikare ba Amerika muri Siriya bari hagati y’inteko za Turukiya na Siriya, kandi Trump avuga ko yipfuza ko abasirikare ba Amerika bava mu nzira bagatahuka.

Perezida wa Turukiya, hagati aho, avuga ko yabwiye Trump ko atazokwigera yemera guhagarika intambara kandi abwira Amerika ko ibihano vyayo bitazohindura ingingo yafashe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG