Uko wahagera

USA: Umushikiranganji w'Amasoko Ntanganguvu Yasezeye Imirimo


Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu Rick Perry atanga ikiganiro mw'ikoraniro ry'Abarepublikani muri California,
Umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu Rick Perry atanga ikiganiro mw'ikoraniro ry'Abarepublikani muri California,

Perezida Donald Trump yatangaje kuri uno wa kane ko umushikiranganji wiwe ajejwe amasoko ntanganguvu yasezeye muri ayo mabanga.

Rick Perry, yari mu bariko barabazwa mu matohoza ariko arakorwa n’abashingamateka ku vyaha perezida Trump akekwako, vyotuma yagirizwa, akaburana, atsinzwe agakurwa ku butegetsi.

Iri tangazo riserutse haheze umusi hashizwe ahabona ikiganiro Perry yagize cemeza ko yategetswe na perezida Trump kuvugana n’umushingwamanza wiwe, Rudi Giuliani, ku vyagiriji vya ruswa n’igihugu ca Ukraine.

Perry, yegenwe muri ayo mabanga mu kwezi kwa cumi na kabiri 2016, yari umwe mu bashikiranganji bari baramvye muri reta ya Trump.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG