Uko wahagera

USA: Icegera c'Umushikiranganji w'Ubutungane Yasezeye


Icegera c'umushikiranganji w'ubutungane w'Amerika, Rod Rosenstein mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington, itariki 28/11/2018.
Icegera c'umushikiranganji w'ubutungane w'Amerika, Rod Rosenstein mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Washington, itariki 28/11/2018.

Icegera c’umushikiranganji w’ubutungane wa Amerika Rod Rosenstein ejo kuwa mbere yaratangaje ko atanze imihoho mu mabanga yiwe.

Ugutanga imihoho kwiwe kwatanguye kunugwanugwa kuva aho amatohoza y’umushingwamanza adasanzwe Robert Mueller arangiriye mu kwezi kwa gatatu, ivyayavuyemwo bikamenyeshwa ku mugaragaro haraheze indwi zababa zibiri. Ayo matohoza yar’agamije kumenya nimba Uburusiya bwarivanze mu matora y’umukuru w’igihugu.

Rosenstein yashikirije mu rwete rwo gutanga imihoho yahaye perezida Donald Trump ejo kuwa mbere ko azorangiza amabanga mu kwezi kwa gatanu itariki 11, ariko nta mvo yabimutumye yashikirije kiretse kuvuga ko ata cegera c’umushikiranganji w’ubutungane kirenza amezi 16.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG