Uko wahagera

USA: Umuyobozi w'Ikigo c'Iperereza mu Gihugu Yakinjuye


Dan Coats, umuyobozi w'ikigo kijejwe iperereza mu gihugu hagati muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje ko umuyobozi wiwe w’ikigo kijejwe iperereza mu gihugu, Dan Coats, yatanze imihoho inyuma y’imyaka ibiri agenwe muri ayo mabanga, aho hagiye haraba ukutumvikana n’ibiro vya perezida.

Trump yashikirije akoresheje ubutumwa bwa Twitter ejo kuw’Imana ko Coats azosezera muri ayo mabanga kw’itariki 15 z’ukwezi kwa munani. Yaramushimiye ku mirimo yaranguriye igihugu, amenyesha kandi ko umushingamateka w’umurepublikani yatowe muri reta ya Texas, John Ratcliffe ari we azomusubirira.

Coats yarongoye ico kigo kuva mu kwezi kwa gatatu 2017. Yamye adahuza na Trump ku bibazo bitari bike vyerekeye iperereza, harimwo poritike y’Amerika ku Burusiya, porogaramu ya Nikleyeli ya Koreya ya ruguru, hamwe kandi nimba Irani yaraciye kubiri vy’ukuri n’amasezerano ya Nikleyeli yo mu 2015, Trump yaruhiye kuvamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG