Uko wahagera

Uburusiya Burahangayikishije Amerika


Mu Biro vya Perezida , White House, abategetsi bashikiriza amakenga bafise ku Burusiya bugerageza guhungabanya amatora

Abategetsi bakuru b’ibigo bijejwe umutekano mu gihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bashikirije kuri uyu wa kane amakenga bafise ku twigoro Uburusiya burimwo two kwongera guhungabanya amatora yimirije mu kwezi kwa cumi na kumwe, bashikiriza kandi ko ingingo zikomeye zigiye gufatwa.

Umukuru arongoye ikigo c’iperereza mu gihugu, Dan Coats yashikirije ko Uburusiya buriko bugerageza ingene bwogabanya inguvu za Reta zunze ubumwe z’Amerika no gucanishamwo ibihugu.

Dan Coats avuga kandi ko Uburusiya atarico gihugu conyene kiriko kiragerageza kugira ico cohindura muri poritike y’Amerika.

Coats yavuze ko Perezida Donald Trump yabategetse gufata mu minwe ico kibazo c’abivanga mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG