Uko wahagera

USA: Uburusiya n'Ubushinwa Bibangamiye Kazoza ka Amerika


Abayobozi b'ibigo vy'iperereza vya Amerika mu nama nshingamateka
Abayobozi b'ibigo vy'iperereza vya Amerika mu nama nshingamateka

Abayobozi b’ibigo vya Reta zunze ubumwe za Amerika bijejwe amaperereza baratera akamo ko kugabisha kuri kazoza k’igihugu, aho igihagararo igihugu gifise mu makungu kigabanuka, ibihugu bicuditse biriko bigitera akagere kandi ibihugu bisanzwe bidacana uwaka birushiriza kwiyunga mu guhangana na Amerika.

Umuyobozi w’ikigo kijejwe iperereza mu gihugu, Dan Coats, hamwe n’abandi bayobozi b’ibindi bigo bitanu vy’iperereza, barashikirije raporo bise ko ibabaje, raporo ya buri mwaka bashikiriza abashingamateka ku bibangamiye isi muri rusangi.

Coats yasiguye iterabwoba ry'ico yise imyuka mibi y’ibihugu bine bikomeye arivyo Uburusiya, Ubushinwa, Koreya ya ruguru na Irani hamwe n’iyindi mirwi y’iterabwoba, imirwi y’abicanyi rutura hamwe n’iterambere ry’ubuhinga bwa teknolojiya, ihindagurika ry’ibihe hamwe n’abimukira.

Abayobozi b’ibigo vy’iperereza bavuga ko ikibahangayikishije kuruta ari ubwiyunge buriko burakomera hagati y’Ubushinwa n’Uburusiya budafatiye gusa ku guhangana mu vya gisirikare n’ubuhinga bwa Tekinolojiya, ariko biriko birondera kugira igihagararo kw’isi.

Abo bategetsi bashikirije amakenga avanye n’uko perezida wa Amerika avuga ko umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu waneshejwe. Baremeza ko abarwanyi bawo batari bake bishwe kandi wagabanijwe mu bice bimwe vya Siriya, ariko ko kuwusuzugura kwoba ari ukwihenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG