Uko wahagera

Perezida Trump Yagenye Umushikiranganji wo Kwivuna Abansi


Patrick Shanahan, yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi ivy'imfatakibanza

Ibiro vya perezida muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, White House vyashikirije ejo kuwa kane ko perezida Donald Trump agiye kugena Patrick Shanahan mu kibanza c’umushikiranganji wo kwivuna abansi.

Shanahan, yari asanzwe arongoye ubwo bushikiranganji ivy’imfatakibanza kuva mu kwezi kwa mbere, yasubiriye Jenerali Jim Mattis yatanze imihoho mur’ico kibanza.

Shanahan agiye kurongora ubwo bushikiranganji ata kahise afise muvya gisirikare kuko yahoze mu gisata c’abikorera utwabo mu myaka 30, mu gihe Mattis yasubiriye we yari amaze imyaka 40 mu gisirikare.

Mu gihe yokwemezwa n’abashingamateka, ntiyoba abaye uwa mbere arongoye ubwo bushikiranganji atigeze akorera igisirikare. Uwundi ni Ash Carter, yatwaye ubwo bushikiranganji kuri reta ya Barack Obama atigeze aba umusirikare.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG