Uko wahagera

Abantu 5 Baramaze Guhitanwa n'Igihuhusi Dorian muri Bahamas


Ibarabara ryarengewe n'amazi igihe igihuhusi Dorian gica muri Bahama, ku musi wa mbere, itariki 02/09/2019.
Ibarabara ryarengewe n'amazi igihe igihuhusi Dorian gica muri Bahama, ku musi wa mbere, itariki 02/09/2019.

Abantu bashika kuri batanu baramaze kumenyekana ko bapfuye mw’izinga rya Bahamas mu gihe igihuhusi kivanze n’imvura cataziriwe Dorian co ku rugero rwa kane kibandanya kwiha inkumbi.

Umushikiranganji wa mbere wa Bahamas, Hubert Minnis yemeje abo bapfuye avuga ko amazu atari make harimwo n’amagorofa yasambutse. Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mbabare Croix rouge rishikiriza ko amazu 13,000 yononekaye canke arabomoka.

Kugera ejo kuwa mbere, ico gihuhusi kivanze n’imvura cari kikiri mw'izinga rya Bahamas kandi abagendereza ibirere bavuga ko iyo imvura nyinshi ivanze n’imiyaga ikomeye ibandanya gushika no kuri uyu wa kabiri.

Imiyaga y’igihuhusu Dorian ifise umuvuduko w’ibirometero 230 kw’isaha.

Abagendereza ibihe bavuga ko Dorian citezwe ku nkengera za Florida ku butaka bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri kandi kizoca mu ma reta ya Georgia na Carolina y’ubumanuko ejo kuwa gatatu no kuwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG