Uko wahagera

Amerika Ihanganye n'Igihuhusi "Dorian"


Abahinga bo muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika banonosoye ivyerekeye ihindagurika ry’ibihe, uyu musi ku wa kane, batangaje ko igihuhusi cataziriwe “Dorian” kibandanya kugira ubukomezi, kandi gishobora gushika ku nkengera y’ibahari mu ntara ya Florida, mu mpera z’iyi ndwi, gifise ubunyaruke bw’ibirometero 200 kw’isaha.

Ico gihuhusi cavuye mu ntara ya Puerto Rico ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ata vyinshi cononye, aho cari gifise ubunyaruke bw’ibirometero 140 kw’isaha, mur’iki gihe kiriko kigana mu buraruko bw’amazinga ya Bahamas hamwe no ku butaka bwa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika.

Abahinga banonosoye ivyerekeye ibihe, bavuga ko igihuhusi Dorian kizoba kimaze gushika mu mazinga ya Bamahas ku musi wa gatandatu, hanyuma kigashika mu ntara ya Florida, ku musi wa mungu canke ku musi wa mbere.

Bulamatari w’intara ya Florida, Ron DeSantis, aramaze gutangaza ingingo zo mu bihe bigoye vyihutirwa, mu mugambi wo kwitegurira ibintu bizokwononwa n’ico gihugu kirimwo imvura y’isegenya.

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump nawe nyene, yahanuye abatuye intara ya Florida kwitegurira ico kiza

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG