Uko wahagera

Trump ati: "Irani Vyoyibera Vyiza Yiyubaye"


Perezida wa Irani Hassan Rouhani yumviriza insiguro ahabwa n'abahinga mu vya Nikleyeli, muri Irani.
Perezida wa Irani Hassan Rouhani yumviriza insiguro ahabwa n'abahinga mu vya Nikleyeli, muri Irani.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump aragabisha igihugu ca Irani ko vyoba vyiza ciyubaye, inyuma y’aho Teherani itangarije kuw’Imana ko igiye kwongereza igipimo c’ubumara bwa Uranium kirenze urugero rwemejwe mu masezerano ya Nikleyeli yo mu 2015.

Trump yashikirije ivyo haheze amasaha umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu Mike Pompeo ashikirije ko iyo ngingo ya Irani izoganisha kwikumirwa no ku bindi bihano.

Ubwongereza bwaciye nabwo bugabisha Irani guhagarika vuba bwango ingingo zose ziteye kubiri n’ivyumvikanyweko. Ubufaransa nabwo bwavuze ko iyo ngingo ya Irani iteye kubiri n’ayo masezerano.

Amakuru ava muri Irani avuga ko abategetsi bashobora kwongereza igipimo ca Uranium ku rugero rwa 5%, urugero rugana ku kuzoshika kuri bombe Nikleyeli.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG