Uko wahagera

Abasinye Amasezerano ya Nikleyeli na Irani Baragabisha


Ahahingurirwa ubumara bwa Nikleyeli hafi ya Arak, ku birometero 250 uva ku murwa mukuru Teherani, Irani.
Ahahingurirwa ubumara bwa Nikleyeli hafi ya Arak, ku birometero 250 uva ku murwa mukuru Teherani, Irani.

Ibihugu vyagumye mu masezerano mpuzamakungu yo mu 2015 abuza Irani guhingura ubumara bwa Uraniun vyose vyarashikirije ejo kuwa kabiri amakenga bifise kubona Teherani yararengeje igipimo c’ubwo bumara.

Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi hamwe n’ubumwe bwa Buraya mw’itangazo rusangi bashikirije bavuze ko kwiyemeza kwabo kuguma muri ayo masezerano vyatewe nuko Irani yemeye kuzoyubahiriza nkuko yasinywe.

Ivyo bihugu bitatu hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya vyashikirije ko biriko biriyumvira intambuko zindi vyofata, inyuma y’aho Irani itangarije ku musi wa mbere ko yarengeje igipimo c’ibiro 300 vy’ubumara bwa Uranium, bisigura ko ubu gifise ubugera ku bice 3.67 kw’ijana.

Perezida w’Amerika Donald Trump yakuye Amerika muri ayo masezerano mu mwaka uheze, mu kuvuga ko ataco yakoze gikwiye ngo abuze Teheran guhingura ibirwanisho vya Nikleyeli.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG