Uko wahagera

Afrika Yoba Igiye Kuzoba Ubutunzi Bukomeye kw'Isi?


Mussa Faki, ayoboye komisiyo y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika, ashikiriza ijambo mu nama y'ubumwe bw'Afrika i Niamey, Nijeri, itariki 07/07/2019.
Mussa Faki, ayoboye komisiyo y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika, ashikiriza ijambo mu nama y'ubumwe bw'Afrika i Niamey, Nijeri, itariki 07/07/2019.

Afrika yateye intambuko ikomeye mu nzira yo kwemeza ku rwego rw’umugabane, amasezerano yo guhanahana ibidandazwa ata nzitizi, aho ku musi w’Imana, Nijeriya igihugu ca mbere gifise abanyagihugu benshi kikaba n’ica mbere mu butunzi kuri uyo mugabane cemeza ayo masezerano na Benin.

Ibihugu 54 kuri 55 bigize umuryango w’ubumwe bw’Afrika, havuyemwo Eritrea, biza vyaramaze gusinya ayo masezerano y’ubudandaji ata nzitizi ku mugabane, amasezerano yemejwe inyuma y’imyaka 17 y’ibiganiro.

Igihe ayo masezerano azotangura kuja mu ngiro, kumbure mu kiringo c’umwaka umwe, Afrika izoba ibaye akarere ka mbere gakomeye kw’isi mw’ihanahana ry’ibidandazwa. Mu mwaka wa 2022, ubutunzi bw’uwo mugabane bushobora kuzokwiyongera ku bice 60 kw’ijana, igihe uzoba ufise abantu bangana umuriyaridi 1.2.

Mussa Faki, ayoboye komisiyo y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika, yavuze ko ayo masezerano ari akatari bwaboneke muri kahise k’Afrika.

Albert Muchanga, Komiseri w’Ubumwe bw’Afrika mu budandaji n’amahinguriro, yavuze ko ayo masezerano agiye kurangiza icikagurikamwo ibice rya Afrika.

Intumwa zishika 4,500 hamwe n’abatumire, harimwo abakuru b’ibihugu 32 n’abashikiranganji 100, ni bo bitavye inama y’umuryango w’ubumwe bw’Afrika yabereye i Niamey, ku murwa mukuru wa Nijeri.

Muri iryo shirwa hamwe ry’ubutunzi ku kugabanya inzitizi hamwe n’amatagisi, ayo masezerano kandi azotuma ubuzi bwiyongera, ubuzima hamwe n’amahirwe yo kubaho neza vy’abanyafrika vyisununura. Abanyafrika bazoronka kandi akaryo ko guhiganwa n’abandi haba mu karere no kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG