Uko wahagera

Afrika Iriko Yigina Amasezerano Ashobora Kuzofasha Abakiri Bato


Bamwe mu bategetsi b'umugabane wa Afurika mu nama yo gutegura amasezerano y'ubudandaji mu mwidegemvyo
Bamwe mu bategetsi b'umugabane wa Afurika mu nama yo gutegura amasezerano y'ubudandaji mu mwidegemvyo

Abategetsi bo mu bihugu vyo muri Afrika bariko barigina ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’ubudandanji mu mwidegemvyo agiye kuba aya mbere kw’isi hose hagati y'ibihugu bigize uwo mugabane ubarizwamwo abanyagihugu bashika imiliyari imwe n’ibice bibiri.

Ayo masezerano atanguye gushirwa mu ngiro uyu musi ku wa kane, azogira akarusho ku banyagihugu bakiri bato bo muri Afrika yongere ateze imbere ubudandaji hagati y’ibihugu vya Afrika, maze ahe akaryo ivyo bihugu ko kutama bigendera ku biciro vyama vyahindutse vy’ibindazwa bishorwa mu bihugu vyo mu mahanga.

Muri ayo masezerano ibihugu vyiyemeje gukura amatagisi ku bidandazwa bingana n’ibice 90%. Bizofata imyaka itari mike kugira ngo ayo masezerano ashinge imizi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG