Mu Rwanda hakoraniye inama ya gatanu yiga ku ruhara rw’ikoranabuhanga mu rugamba rwo guteza imbere ubutunzi bw’Afurika. Iyi nama yitabiriwe n’abantu bagera ku 4,000 barimwo abayobozi, abarwizatunga, abahinga mw’ ikoranabuhanga, n’abandi.
Igice ca mbere c’iyi nama yiswe "Transform Africa" iriko ibera i Kigali cuguruwe n’umushikiranganji wa mbere w’u Rwanda, Eduard Ngirente. Mw’ijambo ryiwe yashimikiye ahanini ku rwaruka. Yavuze ko igitigiri kinini c’urwaruka kiri muri Afrika cari gikwiye kuzana impinduka mu guteza imbere ubutunzi hakoreshejwe ikoranabuhanga.
Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amrika, Pierre Claver Niyonkuru aratugezaho ido n’ido ry’ivyaganiriwe muri uyo mubonano.
Facebook Forum