Uko wahagera

Ubushinwa Bushobora Kwihora Amerika ku Matagisi ku Bidandazwa


Umuhanuzi mukuru muvy'ubutunzi muri White House Larry Kudlow ashikiriza ijambo muri White House, Kw'itariki 17 'ukwezi kwa kane 2019.
Umuhanuzi mukuru muvy'ubutunzi muri White House Larry Kudlow ashikiriza ijambo muri White House, Kw'itariki 17 'ukwezi kwa kane 2019.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zashikirije ejo kuw’Imana ko ziteze ko Ubushinwa buzokwihora mu kuduza amatagisi ku bidandazwa Amerika Ishorera mu Bushinwa, inyuma y’aho perezida Donald Trump adugirije amatagisi ku bidandazwa Ubushinwa bushorera muri Amerika.

Umuhanuzi mukuru muvy’ubutunzi mu biro vya perezida, White House Larry Kudlow yashikirije ejo kuw’Imana ko impande zose uko ari zibiri zizohura n’ingaruka mbi z’iyo ntambara muvy’urudandaza hagati y’Amerika n’Ubushinwa, ibihugu vya mbere bitunze kw’isi.

Perezida Trump ku musi wa gatanu yarongereje incuro zibiri amatagisi ku bidandazwa vy’Ubushinwa bifise agaciro k’imiriyaridi 200 z’amadolari, amatagisi yadugijwe kuva kw’icumi gushika kuri 25 kw’ijana. Ubushinwa nabwo buheruka gushira amatagisi ku bidandazwa vy’Amerika, ariko ntiburatangaza ko buzoyongereza mu kwihora ingingo yafashwe na Trump.

Ibiganiro hagati y’ivyo bihugu bibiri bitunze kuruta ibindi kw’isi bimaze amezi bibera i Beijing na Washington, ariko ibiheruka kubera ku murwa mukuru w’Amerika kuwa gatanu vyarangiye atacumvikanyweko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG